Imfashanyo yageze ku mpunzi muri Irak

Ni inshuro ya gatatu indege za Amerika zitanga imfashanyo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ni inshuro ya gatatu indege za Amerika zitanga imfashanyo

Indege za Amerika n'Ubwongereza zanagiye imfashanyo abantu babarirwa mu bihumbi bagoswe n'abarwanyi bo mu mutwe wa Islamic State mu majyaruguru ya Irak.

Umuvugizi wa minisiteri y'ingabo ya Amerika, John Kirby, yavuze ko amafunguro agera ku bihumbi 52 n'amalitiro menshi y'amazi byagejejwe ku mpunzi z'aba Yazidi zahungiye ku musozi wa Sinjar.

Iyi ni inshuro ya gatatu indege za Amerika zinagira izo mpunzi imfashanyo.

Ku Bwongereza ho ni inshuro ya mbere.

Ubufaransa nabwo burimo kwoherereza imfashanyo abari mu kaga muri Irak.