Ebola yabonetse ku bantu 10 muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abahinga b'aganga mu ndwara zandukira bariko berekena uburyo bwo kwikingira

Onyebuchi Chukwu yavuze ko abo barwayi bari mu muji mukuru wa Lagos.

Bose bari babonanye kandi n'umunya Liberia afise akabira ka Amerika yaguye agishika ku kibuga c'indege, mu nyuma agahava yitaba Imana.

Bwana Chukwu yavuze ko uwanyuma mu banduye ari umuforoma yamuvuye.

Igihugu ca Cote d'Ivoire cabujije ingendo zose z'indege ziva muri Guinee, Liberia na Sierra Leone, ibihugu bigeramiwe na Ebola gusumba ahandi.

I Geneve hari inama y'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, n'abahinga mu vyerekeye amategeko afatiye ku nyifato mu mwuga.

OMS n'abo bahinga bahuye kugirango bihwereze hamwe, ikibazo c'ikoreshwa ry'imiti itaremezwa, yari ikiri ku rugero rw'igeragezwa.