Ibiganiro biziguye birakomeza kuri Gaza

Image caption Abantu bongeye kuja mu mabarabara ya Gaza nk';uko bisanzwe

Ivyo biganiro bifise intumbero yo kuronderera umuti urama ikibazo c'umutekano mu karere ka Gaza.

Gukomeza kw'ivyo biganiro bizovana n'uko Israel na Hamas vyemeye kubahiriza ikiringo c'agahengwe k'iminsi itatu catanguye mu gicugu.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Gaza avuga ko ubuzima bwasubiye kugaruka, uruja n'uruza mu mabarabara ari urusanzwe, abantu basubiye ku mazi kuroba.

Abanyamakuru bavuga ko Israel izokomeza gusaba ko muri Gaza havanwa ibirwanisho vyose, mu gihe Hamas nayo isaba ko ako karere kareka kugarizwa.

Abanya Palestina bagera ku 2000 barwiriyemwo abanyagihugu basanzwe, bamaze gusiga ubuzima muri iyo ntambara yo muri Gaza.

Nayo muri 67 Israel imaze gutakaza, batatu muri bo n'abanyagihugu basanzwe.