Iraq mu ngorane z'ibibanza vya politike

Image caption Umutekano wakomejwe muri Baghdad, kuva aho bwana Maliki avugiye ko agiye kurega perezida Fuad Masum

Bwana Maliki yari yavuze ko yifuza kongera kuyobora leta ya Iraq nk'umushikiranagnji wa mbere ku ncuro ya gatatu.

Ariko imigambwe irwiriyemwo aba Shiya, yagenye icegera c'umukuru w'inama nshingamateka, Haider al-Abadi muri ico kibanza.

Bwana Abadi yahamagariye abanya Iraq bose kuguma bafatanye mu nda, no kuja hamwe mu kurwanya umutwe wa "Islamic State".

Ariko umuvugizi w'umugambwe Dawa, Nouri al Maliki akomokamwo, yahakanye iryo genwa rya bwana Abadi.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Leta zunze ubumwe za Amerika vyatangaje ko icegera c'umukuru w'igihugu Joe Biden yahamagaye perezida Fuad Masoum kuri telefone akamwizeza ko Amerika izoshigikira Iraq mu gikorwa co gushinga leta nshasha.