Canada yemereye OMS incaco za Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umuntu ariko akora ubushaakshatsi ku rucanco rwa Ebola muri " labolatoire"

Ivyo bije mu gihe ishirahamwe OMS riherutse kumenyesha ko bidateye kubiri n'amategeko agenga umwuga, guha abarwayi imiti ikiri ku rugero rw'igerageza.

Ariko rero, abahinga bavuga ko imiti ihari yaba iyo urucanco canke umuti uvura Ebola ukiriko ukorwako igerageza bita Zmapp, atari myinshi.

Ngo bishobora rero gufata amezi menshi kugirango bakore iyindi.

Abantu barenga 1000 baramaze guhitanwa n' ikiza ca Ebola.

Canada ivuga ko incanco ziri hagati ya 800 na 1000, zageragejwe ku bikoko gusa, zizohabwa ishirahamwe OMS kugirango zikoreshwa mu burengero bwa Afrika.