Amahanga akomeza gutabara Iraq

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Impunzi z'abanya Iraq b'aba "Yazidis" mu musozi wa Sinjar

Perezida w'Ubufaransa, Francois Hollande, avuga ko leta yiwe igiye gutanga ibirwanisho ku barwanyi b'aba "Kurdes" muri Iraq, bariko bararwanya umurwi "Islamic State".

Abasirikare baharurwa ku ijana na mirongo itatu baramaze gushika mu buraruko bwa Iraq kugira bihweze uburyo abanyagihugu bo mu murwi w'aba " Yazidis" bugarijwe n'iyo ntambara mu misozi ya Sinjar botabarwa.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika John Kerry, yavuze ko leta yiwe iriko irihweza ico kibazo mu maguru masha.