Ukraine yanse infashanyo yagemuwe n'Uburusiya

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imodokari z'Uburusiya zigemuye infashanyo mu buseruko bwa Ukraine

Arsen Avakov, yagereranije ico gikorwa c'Uburusiya co kugemura infashanyo mu buseruko bwa Ukraine, ahari abarwanya leta, n'ubugome.

Ubutegetsi bwa Kiev buvuga ko bugiye kurungika intumwa zabo gutanga infashanyo yatanzwe n'amakungu mu karere ka Luhansk.

Izo nfashanyo zizoba zirimwo ibikoresho vya nkenerwa ku banyagihugu, vyatanzwe n'ishirahamwe "Croix Rouge", Leta zunze Ubumwe za Amerika n' ishirahamwe rya Bulaya.

Aho imodokari z'Uburusiya zigera ku 300 zagiye zerekeza ku rubibe rwa Ukraine ejo zoba ziri, ubu ntihazwi neza.

Iyo nfashanyo yari igemuwe n'Uburusiya yateye amakenga amakungu, mu gihe ishirahamwe Croix Rouge ryavuga ko ritazi ikirimwo, canke aho bigiye.