Korean air yahagaritse kuja Nairobi kubera Ebola

Image caption Kenya Airways izokomeza kuja mu burengero bwa Afrika, naho Korean Air yahagaritse kuja Nairobi kubera Ebola

Ingendo za Korean Air zija Nairobi muri Kenya, zahagaritswe mu kiringo c'agateganyo.

Nta muntu aragaragarako umugera wa Ebola muri Kenya, ariko ejo ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi -OMS- ryashize Kenya mu bibanza bifise ivyago vyo kwadukamwo Ebola.

Ivyago vya Kenya vyo kwandura ico kiza ngo biri hejuru cane kubera ico gihugu gicamwo amayira menshi y'uruja n'uruza rw'abantu.

Kenya Airways ivuga ko itazohagarika ingendo zayo mu burengero bwa Afrika n'ubwo yakomeje gusunikwa kubikora.

Muri Nigeria, abategetsi mu vyo ubuganga bavuga ko igitigiri c'abamaze kwandura Ebola muri ico gihugu kigeze kuri 11.