Abakurde muri Irake bateye IS

Umuduga w'ingwano w'abasirikare b'aba Kurde Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abasirikare b'Abakurde bashaka gusubirana urugomero rukomeye i Mosul

Umwe mu bagaba bakuru b'Abakurde mu buraruko bwa Irake avuga ko abasirikare biwe bagavye igitero ku barwanyi ba Islamic State, bashaka gusubirana urugomero hafi y'umuji wa Mosul.

General Major Abdelrahman Korini yabariye ibiro ntaramakuru vy'Abafaransa, AFP, ko abasirikare biwe bafashijwe n'indege za Amerika.

Urwo rugomero rukuru rwafashwe n'abarwanyi ba Islamic State mu ntango za kuno kwezi.

Kare amakuru yavuga ko habaye ibitero vy'indege hafi y'urwo rugomero, bitumbereza abarwanyi ba ki Islam.

BBC yabwiwe n'abari i Mosul ko abarwanyi bashika ku ndwi bishwe.