Muri Ukraine barashe ku mpunzi i Luhansk

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuntu ariko agendagenda imbere y'inzu yasambuwe n'igisasu i Luhansk

Igisirikare ca Ukraine cagiriza ico gitero cakoreshejwe ibisasu vyo mu bwoko bwa "mortiers" na "rockets" abarwanya leta bashaka kwiyonkora ku gihugu.

Abarwanya leta barahakana ko ata birwanisho bifise ubushobozi nk'ubwo bafise.

Ivyashitse vyabereye ahari kuja urukurikirane rw'imodokari z'Uburusiya -ubu zikiri ku butaka bw'Uburusiya- zari zigemuye infashanyo, ziramutse zemerewe kujabuka.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavlov, yari yavuze ko ibibazo vyose bijanye no gutanga izo nfashanyo vyumvikanyweko mu biganiro vyabereye i Berlin.

Ariko nta mwumvikano wabaye ku kibazo co guhagarika intambara mu gihe c'agateganyo.

Hagati aho mu gace ka Donetsk, abahagenzura biyonkoye ku butegetsi bwa Ukraine batangaje ko bashizeho igihano c'urupfu ku vyaha bitandukanye.

Ivyo vyaha birimwo guhemuka, gusuma urusaku canke kubangamira ubuzima bw'uburongozi bwaho.

Urubuga rwa internet rw'abo barwanyi rutangaza ko igihano co gupfa kizohabwa abagabo gusa, nk'igihano kidasanzwe co mu gihe c'intambara.