Imigumuko muri Liberia kubera Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abasirikare ba Liberia bafashe ivyibwe kw'ishure ryagizwe ikibanza cokwakira abarwaye Ebola

Ababibonye bavuga ko ababa mu gace kahariwe ivomo batwawe n'agashavu batera amabuye abajejwe umutekano, bari bahacungereye kugira babuze uruja n'uruza muri ico kibanza.

Muri ako gace niho ikigo cari cashizweho cahariwe kwakira abarwayi ba Ebola caterwa mu mpera z'indwi iheze.

Abantu 17 bakekwa ko bafashwe na Ebola baratorotse ico gihe.

Umukuru wa Liberia Ellen Johnson Sirleaf, yategetse ko haba amasaha y'umukwabu mw'ijoro, kugira ikwiragira ry'ico kiza ca Ebola rigabanuke.

Uwundi muntu agira gatanu yahitanywe n'ico kiza muri Nigeria, igitigiri c'abamaze guhitanwa na Ebola mu burengero bwa Afrika kikaba kigezeku 1200.