Igitero ku musigiti wa Diyala muri Iraq

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwagavye igitero yaturikirije igisasu mu musigiti

Bavuga ko umwiyahuzi yaturikije ibisasu ari mu musigiti hagati mu gihe c'amasengesho y'uno wa gatanu, abantu baca batangura kurasa abariko bariruka.

Ibinyamakuru bimwe muri Iraq vyagirije umurwi w'aba islamu b'aba Shiya ko ariwo wagavye ico gitero.

Ariko hari amakuru avuga ko cakozwe n'aba sunni bo mu murwi wa Islamic State, inyuma yo gutakaza igice bari bafashe muri ako kerere.

Ako gace kabayemwo intambara nyinshi mu mayinga aheze.