Gaza: Abbas arasaba ibiganiro

Mahmoud Abbas Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mahmoud Abbas

Umukuru w'abanyapalestine Mahmoud Abbas yasabye ko hasubukurwa ibiganiro byo guhagarika imirwano i Gaza vuba na bwangu kugirango hatongera kumeneka andi maraso.

Prezida Abbas yabivugiye i Cairo nyuma y'inama yaramaze kugirana n'umukuru wa Misiri Abdel Fattah al-Sisi. Abategetsi ba Misiri bagerageje guhuza Isiraheli n'abanyapalestine.

Abashinzwe ubuvuzi baravuga ko abantu 5 bo mu muryango umwe barimo abana 2 baguye mu gitero cy'indege za Isiraheli i Gaza.

Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli yavuze ko Hamas izariha ikiguzi gikomeye nyuma yaho yiciye umwana w'imyaka 4 w'umunya Isiraheli kuwa 5.