Ebola yatwaye umuganga muri Sierra Leone

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Sierra Leone iri mu bihugu bimaze guhekurwa na Ebola

Uyo muganga yanduye Ebola ayikuye ku barwayi yavura.

Abandi baforoma n'abakozi bo mu buvuzi barenga 20 baramaze kwitaba Imana kubera Ebola muri ico gihugu.

Ibi vyatumye bagenzi babo baja muri yegereyegere kubera ata karusho bahabwa kajanye na ben'izo mpanuka.

Kare Liberia yuguruye amayira ahuza agace ka West Point n'ibindi bice vya Monronvia, kari kamaze indwi irenga karahariwe ivomo kubera Ebola.