Ukraine ku bugi bw'intambara n'Uburusiya

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ukraine yakomeje kurega Uburusiya ko bwayivogereye

Mw'ijambo yashikirije inyuma y'inama y'abategetsi b'ibihugu vy'uwo muryango w'Ubumwe bwa Bulaya, bwana Poronsheko yavuze ko ishirwa mu ngiro ry'ivyo bihano rizovana n'ikizova mu nama y'i Minsk kuri ico kibazo ku munsi wa mbere.

Yavuze kandi ko bidashobotse ko Ukraine yumvikana n'Uburusiya bishobora gutuma haba intambara yeruye.

Ariko ngo afise icizere ko ibiganiro hagati ya leta ya Kiev, Moscow n'Ubumwe bwa Bulaya, bishobora gushikana kw'ihagarikwa ry'intambara mu gihe c'agateganyo.

Ibihugu biri mu bumwe bwa Bulaya biherereye mu buseruko bifise umwitwarariko kuber'ico kibazo ca Ukraine