Uburusiya bushaka ibiganiro ku buseruko bwa Ukraine

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Putin ngo ashaka ko inyungu z'abo mu buseruko bwa Ukraine zubahirizwa

Bwana Putin yavuze ko ivyo yita "inyungu zishingiye ku burengezira" bw'abanyagihugu baba mur'ako karere zibwirizwa gukingirwa.

Umuvugizi wiwe, Dmitry Peskov, yavuze ko ayo majambo ya perezida Putin adakwiye gufatwa nk'aho ashaka leta yigenga yiyonkoye kuri Ukraine.

Umunyamakuru wa BBC ari Moscow avuga ko ivyo ari ikimenyetso c'igitugu leta ya Moscow ikomeza gushira ku ya Kiev, iyisunikira kuganira n'abashaka kwiyonkora, bashigikiwe n'Uburusiya.

Ibi perezida Putin yabivuze mu gihe buca haba inama i Minsk hagati y'igihugu ciwe, Ukraine n'Ubumwe bwa Bulaya, mu ntumbero yo kuganira kuri ico kibazo.

Bikwirikiye kandi amajambo y'abategetsi b'Ubumwe bwa Bulaya na leta ya Kiev yavugiwe ejo iBruxelles, bagabisha ko ako karere kageze ku bugi bw'intambara.

Ibigo vy'itangazamakuru mu Burusiya bimenyesha ko Ukraine n'Uburusiya vyagujije abasirikare bafashwe ingwati.