Putin ngo imirwano ihagarare muri Ukraine

Umukuru w'Uburusiya, Vladimir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Putin avuga ko amahoro yimirije mu buseruko bwa Ukraine

Umukuru w'Uburusiya, Vladimir Putin, yahamagariye abarwanya leta ya Ukraine guhagarika ibitero mu gihe habonetse umwumvikano wo guhagarika imirwano.

Bwana Putin kandi yavuze ko igisirikare ca Ukraine kigomba kuva mu karere k'ubuseruko.

Izo ngingo ziri mu mugambi w'ingingo indwi watunganijwe na bwana Putin, werekeye ihagarikwa ry'imirwano.

Yavuze ko yizerako ayo masezerano azoba yashizweko umukono imbere yo kuwa gatanu.

Bwana Putin yavuze ko we na mugenzi wiwe wa Ukraine, Petro Poroshenko, ubu basa n'abegeranye ku kuntu bumva ingingo zerekeye ihagarikwa ry'imirwano.

Kare, bwana Poroshenko yavuze ko abo bagabo uko ari bompi bumvikanye ku mugambi wo gushika kw'ihagarikwa ry'imirwano.