Abarenga ibihumbi 800 bariyahura ku mwaka

OMS ivuga ko kwiyahura bigwiriye mu bafisei imyaka iri hagati ya 15 - 29 Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption OMS ivuga ko kwiyahura bigwiriye mu bafisei imyaka iri hagati ya 15 - 29

Mu cegeranyo caryo ca mbere ku kibazo co kwiyahura, ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, rivuga ko abantu barenga ibihumbi 800 biyahura buri mwaka.

OMS ivuga ko kwiyahura ari ikibazo c'amagara gikomeye kigomba kurwanywa kigatuzwa.

Iryo shirahamwe kandi rigabisha ko amakuru avugwa mu binyamakuru yerekeye abiyahura, ashobora gutuma haba abandi bashaka kuvyigana.

OMS ivuga ko igitigiri c'abagabo bashobora kwiyahura gikuvye gatatu ic'abagore.

Kandi ngo naho kwiyahura arikwo guhitana benshi mu bafise imyaka iri hagati ya cumi n'itanu na mirongo ibiri n'icenda, abantu barenza imyaka mirongo indwi ngo nibo babangamiwe.