Urubanza rwa Kenyatta ruradindiye

Ahavuye isanamu, afp
Sentare y'i La Haye ivuga ko leta irongowe na bwana Uhuru Kenyatta itorosha urubanza
Abacamanza kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye, bigije inyuma urubanza rw'umukuru wa Kenya, Uhuru Kenyatta, ikiringo kitazwi.
Bwana Kenyatta aregwa ivyaha bihohotera ikiremwa muntu.
Abacamanza bavuze ko ata bimenyetso bikwiye bihari kugira babandanye urubanza, bitewe n'uko leta ya Kenya itaborohereza.
Ivyaha biregwa bwana Kenyatta bijanye n'ubwicanyi bwakurikiye amatora yo muri Kenya mu 2007.
Ico gihe abantu barenga igihumbi n'amajana abiri barishwe, abandi bashika igice c'umuriyoni bateshwa izabo.
Uru rubanza rusa n'urwayobeye sentare, kuko bwana Kenyatta yotorewe kuba umukuru w'igihugu mu 2013, ivyaha bimushinjwa bimaze gushikanwa muri sentare.