Afrika iraronderera hamwe inyishu kuri Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abafasha abarwayi ba Ebola, mu mwambaro wo kwikingira

Mu nama yabereye Addis Abeba, umukuru w'Ubumwe bwa Afrika, Nkosazana Dlamani Zuma, yavuze ko uwo muryango ukene kwigira hamwe uburyo wokwifata mu guhangana n'ico kiza caranvye kandi cakwiye mu buryo butari bwaboneke.

Umwe mu bashikiranganji ba leta ya Sierra Leone, yasobanuye umugambi wa leta wo guhagarika uruja n'uruza rwose mu kiringo c'iminsi itatu, mu ntumbero yo kugerageza kubuza Ebola gukwiragira.