Perezida Poroshenko yagendeye Mariupol

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Poroshenko ari Mariupol

Igihe yashika ku kivuko ca Mariupol, perezida Poroshenko yarungitse ubutumwa ku rubuga rwa Twitter avuga ati "Iki n'igihugu cacu, kandi nta n'umwe tuzogihebera".

Yabwiye ababa muri ako gace ko agiye gukomeza uwo muji, wabaye ikirimbiro ry'intambara z'abarwanya leta ya Ukraine bashigikiwe n'Uburusiya.

Bwana Poroshenko yavuze ko abashaka kwiyonkora barekuye imbohe hisunzwe umwumvikano wo guhagarika intambara washitsweko ku munsi wa gatanu.