Igisasu cahitanye abarenga 12 muri Somalia

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ingabo zo mu rwego rwa AMISOM muri Somalia

Amakuru aturuka muri Somalia avuga ko umuntu yahuye imodokari yuzuye ibisasu mu rukurikirane rw'imodoka z'urwego rw'abasirikare b'Ubumwe bwa Afrika, AMISOM.

Ureretse abantu 12 bapfuye, hari abandi benshi bakomeretse, barimwo abasirikare babiri, hanze y'umurwa mukuru Mogadishiu.

Bulamatari w'intara ya Lower Shebelle, mu bumanuko bwa Mogadishiu, yabwiye iyandikiro ry'amakuru 'Reuters' kuri telefone ko yari inyuma y'izo modokari igihe yumva ikintu gituritse.

Ngo yabonye kandi imodokari zitatu zitari iza gisirikare muri ico kibanza.

Yavuze ko abantu barenga 12 biciwe muri 'minibus'.