Amerika yemeye gufasha Afrika guhasha Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abavuzi bambaye ivyo kwikingira Ebola, bashikanye umurwayi ku kigo ca MSF kiri Elwa, Monrovia

Abakozi bo kwa muganga bagera kw'ijana bazorungikwa mu burengero bwa Afrika, hatangwe na miliyoni 10 z'amadolari.

Ishami rya Amerika rijejwe gufasha mu makungu USAID, rimenyesha ko arico gikorwa gishizwemo abantu benshi nk'abo muri ako karere.

Kare ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe MSF ryari ryavuze ko ryarengewe n'ibitigiri vy'abarwayi ba Ebola muri Liberia.

Abarenga 1000 baramaze guhitanwa na Ebola muri Liberia, abo akaba ari hafi ica kabiri c'abishwe n'uwo mugera mu burengero bwa Afrika.