Leta ya Iraq iracabura abashikiranganji

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Iraq Haidar Al Abadi

Bwana Abadi yashinze leta yiwe ejo ku munsi wa mbere, ariko ntiyagena umushikiranganji wo kwivuna abansi n'uwo intwaro yo hagati.

Yemeye kuba yashizeho abo bashikiranganji bitarenze indwi.

Abo bashikiranganji babiri nibo bazoja imbere mu gikorwa co kurwanya abo mu murwi w'aba Sunni wa "Islamic State".

Umushingamateka w'umu Shia yavuze ko gutevya kugena abo bashikiranganji nkenerwa, bishobora kugaragaza intege nke z'iyo leta.

Nayo uwundi wo mu murwi w'aba Sunni yasavye leta ya bwana Abadi kwerekana ko ishobora kugirirwa icizere kandi ko afise intumbero nziza.