Bill Gates yemeye gufasha kurwanya Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abari mu mwambaro wo kwikingira Ebola, mu kuvura abarwaye

Ico kigo c'umurwizatunga Bill Gates, yatanguje ishirahamwe Microsoft, kivuga ko kizoca gihereza ayo mafaranga amashirahamwe mpuzamakungu ariko arafasha muri ico gikorwa mu burengero bwa Afrika, kugira arushirizeho.

Hagat'aho abantu baturuka muri Liberia baba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, bari bagandagaje imbere y'ikibanza c'inama nshingamteka Washington, basaba Amerika kugira ico ikoze.

Abantu batari munsi y'igihumbi baramaze guhitanwa na Ebola muri Liberia.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zemeye ejo kuwa kabiri ko zigiye gufasha Ubumwe bwa Afrika kurungika abaganga bagera kw'ijana gufasha kurwanya Ebola mu burengero bwa Afrika.