John Kerry ashaka abo bafatanya kurwanya IS

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption John Kerry, umushikiranganji w'imigenderanire wa US

Abo bategetsi baganiriye ku buryo amakungu yoterera mu kurwanya umurwi " Islamic State", ubu wigaruriye ibice binini vya Iraq na Syria.

Bwana Kerry yavuze ko yashimishijwe n'imigambi ya bwana Abadi yo kuzana amahinduka mu bitari bike no gusubiramwo gushasha igisirikare ca Iraq.

Bwana Kerry aciye muri Iraq yerekeza no mu bindi bihugu vy'akarere k'uburasirazuba bwo hagati, aho agiye kubihimiriza gufasha mu gikorwa co kurwanya umurwi IS.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko leta zunze Ubumwe za Amerika zifuza kubona leta nshasha ya Iraq itera intambwe yihuta mu gukemura ibibazo vy'inkehwa z'aba Sunni n'aba Kurdes.