Bamwe mu barekuwe Arusha, bamaze kwimurwa

Image caption Abacamanza ba senatre ya Arusha -ICTR

Iyo sentare izorangiza imirimo yayo mu mpera z'uyu mwaka, irajwe ishinga no kuronka ibihugu vyemera kwakira abantu bagizwe abere canke barangije ibihano.

Abo bantu gushika ubu bakiri muri iyo sentare kandi bararekuwe, barimwo indwi bagizwe abere ma bandi batatu barangije ibihano vyabo.

Mu bamaze kwimurwa hari Ignace Bagirishema na Jean Mpambara, bagiye mu Bufaransa.

Hari na Emmanuel Bagambiki yari perefe wa Cyangugu yagiye mu Bubiligi, kumwe Andre Rwamakuba yari umushikiranganji w'uburezi nawe yagiye muri Swisse.

Hari kandi na patiri Hormisdas Nsengimana yagiye mu Butaliyano.

Ariko uku kwimurwa kwavuye ku guhuza aba bantu n'imiryango yabo.

Ariko si bose bashoboye kwemerwa kuja kubana n'imiryango yabo kuko bituruka kuri buri gihugu.

Sentare ya Arusha ivuga ko ifise ikibazo kuko n'abo batanu bamaze kwemererwa bimutse bahanje kuba ibiganiro hagati y'iyo sentare n'ibihugu vyabakiriye.

Aho iyo sentare imariye kubona ko idafise aho ishira abagizwe abere, canke abarangije ibihano vyabo, yituye inama nkuru y'umutekano kw'isi, ngo ibashikire kuri ivyo bihugu bakeneye ko bibakira.

Mu myaka ya 2011 na 2012, inama nkuru y'umutekano yatoye ingingo zibiri zikurikirana, isaba ivyo bihugu gukorana na ICTR bikakira abo bantu.

Ubu rero sentare ivuga ko ifise ikibazo kuko ivyo bihugu bitigeze vyemera kwakira abo bantu, kiretse Urwanda rwo ruvuga ko rwiteguye kubakira.

Ariko bene kurekurwa nabo bavuga ko batifuza gusubira mu Rwanda, kuber'impamvu zabo bwite, sentare nayo ikaba idashobora kubategeka kujayo batavyifuza.

Kuba hasigaye igihe gito ngo iyo sentare ya Arusha irangize ikiringo yahawe, ivuga ko kuronkera abo bantu aho baja ari ikibazo kiyigoye.

Ikibazo cabo rero, sentare ivuga ko kizoshirwa mu minwe y'inama nkuru y'umutekano kw'isi igakomeza kukironderera umuti, kumwe n'ibindi bitazoba birarangira nk'ico abaronderwa batarafatwa canke abatararangiza ibihano.