Urubanza rwa Pistorius rwungurujwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Oscar Pistorius

Umucamanza Thokozile Masipa yunguruje/ yasubitse giturumbaka urubanza rwa Pistorius, atarashikiriza ingingo niba bwana Pistorius ahamwa canke adahamwa n'icaha co kwica atabishaka.

Mbere, umucamanza yari yakuyeko Oscar Pistorius icaha co kwica abishaka, uwari umukunzi wiwe Reeva Steenkamp.

Oscar Pistorius, yaturitse ararira imbere ya sentare.

Yari yagumye yemeza kuva kera ko yibaza ko uwo mukunzi wiwe ari uwari yamwinjiranye.