Umwuka wa gaz wagabanutse muri Pologne

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ahari imiringoti ya gaz mu Burusiya

Ishirahamwe rya leta rya gaz muri Pologne rivuga ko iyo baronka ubu, imaze kugabanuka ibice 45% vy'iyo bari basanzwe baronka, mu masaha 24 aheze gusa.

Kuber'izo mpamvu, Pologne ngo yahagaritse kurahurira gaz igihugu ca Ukraine.

Ukraine mu bisanzwe ibeshejweho na gaz irahurirwa n'ibihugu vyo mu buseruko bwa Bulaya, kuko Uburusiya bwahagaritse kuyirahurira gaz kuva mu kwezi kwa gatandatu.

Ibihugu vya Slovakiya na Hongriya bigurisha gaz nyinhsi kuri Ukraine gusumba igihugu ca Pologne, ariko ntibiratangaza niba iyo bironka yoba yaragabanutse.

Ikigo c'Uburusiya ciharije urudandazwa rwa gaz, Gazprom, kirahakana ko cagabanije gaz gisanzwe giha Pologne.