General Allen yagenywe mu bikorwa vyo kurwanya IS

Uwufise ububasha kw’isanamu DoD
Image caption General John Allen

General John Allen, yagize uruhara mu bikorwa bitandukanye muri Iraq na Afghanistan.

Niwe azoba ajejwe kugena igitigiri c'amafaranga, ibikoresho, imyimenyerezo n'ibirwanisho, buri gihugu cose mu vyiyemeje gufatanya kurwanya IS kizotanga.

Haciye imyaka umunani, general Allen akoranye n'ibihugu vy'Abarabu mu gufasha aba Sunni kwikurako umutwe wa al-Qaeda muri Iraq.

Igenwa ryiwe rije mu gihe perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yaraye atangaje umugambi wiwe wo kurwanya IS.

Hagat'aho umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, ageze muri Turkiya.

John Kerry, ari mu rugendo rwo guhimiriza ibihugu vyo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati kuja hamwe mu kurwanya umurwi IS.

Ibihugu 10, birimwo Arabia Saudite, bimaze kwemera gufasha Leta zunze Ubumwe za Amerika kurwanya uwo murwi.

Uwo murwi IS ngo ushobora kuba ufise igitigiri c'abarwanyi kirenze uko cakekwa kare, nk'uko bivurwa n'ikigo c'iperereza ca Leta zunze Ubumwe za Amerika CIA.

Umuvugizi wa CIA, Ryan Trapani, agereranya abarwanyi ba IS hagati y'ibihumbi 20 na 30, muri Iraq na Syria.

Abo ngo barenze incuro gatatu abo CIA yakeka kera.

Ibi ngo bikaba bigaragaza ko IS yakomeje kwinjiza abarwanyi cane kuva mu kwezi kwa gatandatu.

CIA ivuga ko IS yongeye abarwanyi kuva aho ifatiye ubutaka, ikanavuga ko igiye gushinga igihugu yihariye kigengwa n'amategeko yayo ashingiye kuri islamu, yise 'Caliphate'.