Oscar Pistorius yahamijwe kwica atabishaka

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Oscar Pistorius

Umucamanza Thokozile Masipa, yavuze ko uwo munonotsi yagize uburangare, igihe yakoresha inkoho yiwe, ariko yamuhanaguyeko icaha co kugandagura ku bushake umukunzi wiwe, kubera ubushikirizamanza bwananiwe kubitangira ivyemeza ko yari yabiteguye.

Pistorius yakomeje guhakana ko yishe umukunzi wiwe Reeva Steenkamp n'ibigirankana, avuga ko yibaza ko yari uwamwinjiranye mu nzu.

Ubu ashobora guhabwa igihano c'umunyororo w'imyaka 15 kuri iki caha.

Umucamanza Masipa, yasanze kandi Pistorius ahamwa n'icaha co kurasa muri resitora, ariko yamuhanaguyeko ibindi vyaha bibiri bifatiye ku birwanisho.

Umucamanza yahaye Oscar Pistorius uburenganzira bwo kwidegenvya mu kurindira igihano azocibwa, akazokimenya mu kwezi kuza.

Yatashe kuba aragumanye na se wabo, Arnold Pistorius,akaba yashimiye umucamanza kubona atamuhamije icaha co kwicwa n'ibigirankana.

Yahojejej kandi umuryango wa Reeva Steenkamp.