Intambara zakaze mu muji wa Donetsk

Ahavuye isanamu, Reuters
Abarwanya leta ya Ukraine bahagaze ku kirindiro hafi y'ikibuga ca Donetsk
Ingabo za Ukraine zimenyesha ko ejo zasubije inyuma igitero c'abarwanyi bashigikiwe n'Uburusiya ku kibuga c'indege.
Umunyamakuru wa BBC ariyo avuga ko n'ubu urwamo rw'ibirwanisho rucumvikana, n'ubwo atazi uko ibintu bimeze.
Kare umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Arseniy Yatsenyuk, yagirije Uburusiya gushaka gusambura Ukraine nk'igihugu cigenga.