Igipolisi ca Uganda cakajije umutekano

Image caption Abarwanyi ba Al Shabaab bo muri Somalia

Ibi bikurikiye igikorwa co guhiga abakekwa ko ari abanywanyi ba Al Shabaab.

Igipolisi kimenyesha ko cafashe abantu batari bake gikeka ko bari muri uwo muhari, hamwe n'ibikoreshwa nk'ibirwanisho biturika.

Kare ibiro vy'uhagarariye Leta zunze Ubumwe za Amerika iKampala vyamenyesheje ko abategetsi babonye ibimenyetso vyerekana ko Al Shabaab yiteguye gutera.

Abanyamerika bose bari muri Uganda basabwe kuguma ahantu bizigiye ko bafise umutekano.

Ivyo biro vyari bimaze kugabisha ko hashobora kugabwa ibitero vya Al Shabaab vyo kwihorera igitero ca Amerika giherutse guhitana umukuru w'uwo murwi.