Australia izotanga ingabo 600 mu kurwanya IS

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Australia Tony Abbot

Bwana Abbot avuga ariko ko ata ngingo irafatwa ko abasirikare ba Australia bogira uruhara bwite mu ntambara.

Ariko ngo birakenewe ko haba uburyo bukwiye bwo kuburizamwo no guhosha uwo murwi yise uwo iterabwoba, ngo werekanye ububisha burenze mu guca umutwe umugiraneza w'Umwongereza.

Bwana Abbot avuga ko iyo ngingo ya Australia ishigikiwe na Iraq kandi yaturutse ku busabe bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika.