Abishe Haines ngo bazohirwa mpaka bashengezwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption David Cameron igihe yavugisha abanyamakuru, inyuma y'urupfu rwa David Haines

Bwana David Cameron yavuze ko iyicwa ry'uwo Mwongereza ryakozwe n'umurwi "Islamic State", ritegerezwa gutuma Ubwongereza bwongera ishaka mu gikorwa co kurwanya uwo murwi.

Islamic state ngo ubangamiye akarere kose k'uburasirazuba bwo hagati, kandi utegerezwa kurandurwa.

Muri video yatangajwe ku rubuga rwa internet, umurwanyi yari afise imbugita afise imvugo nk'iyo Abongereza, yaneguye ingingo ya leta y'Ubwongereza yo gufasha abarwanyi b'aba Kurdes bahanganye na IS.

Iruhande rwiwe haboneka umuntu asa na David Haines amaze umwaka n'igice afatiwe muri Syria, yari apfukamye.