Umukuru wa Liberia yakuye abamutereranye Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Umukuru wa Liberia Ellen Johnson Sirleaf

Abo bategetsi bari bamaze ukwezi kurenga batumweko kugaruka ku kazi.

Perezida Sirleaf yabagirije ko ataco banezwe mu gihe igihugu kiri mu kaga.

Bivugwa ko perezida Sirleaf yatabaje perezida Barack Obama kurushaho kumufasha kurwanya uyo mugera.

Liberia nico gihugu kimaze kubura abantu benshi mu barenga 2400 bamaze guhitanwa na Ebola mu burengero bwa Afrika.