Umwumvikano ku kibazo c'abimukira b'i Calais

Abimukira benshi barundanira i Calais bizigiye kwinjira mu Bwongereza
Image caption Abimukira benshi barundanira i Calais bizigiye kwinjira mu Bwongereza

Ubufaransa n'Ubwongereza vyumvikanye ku kibazo c'ubwinshi bw'abimukira badafise impapuro bashikira i Calais.

Hakurikijwe uwo mwumvikano, Ubwongereza buzoterera imiriyoni cumi na zitanu z'ama euro mu myaka itatu iri imbere yo kwongereza umutekano ku kivuko ca Calais.

Abimukira benshi bamaze igihe baharundanira, bizigira gushobora kwinjira mu Bwongereza.

Hashobora gutangura gukoreshwa ubuhinga bushasha bufasha kubona abimukira binyegeje mu biduga binini.