ICC yahamagaje Uhuru Kenyatta

ICC ishaka kubaza Uhuru Kenyatta ivy'impapuro zahishwe Uwufise ububasha kw’isanamu afp
Image caption ICC ishaka kubaza Uhuru Kenyatta ivy'impapuro zahishwe

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, yahamagaje umukuru w'igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, ngo azorenguke itariki 8 z'ukw'icumi.

Abacamanza bashaka kumubaza ku bijanye n'uko leta yiwe yoba yaranyegeje impapuro yasabwe n'abashinjacaha bariko barategura ibirego ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu yagirizwa.

Urubanza rwiwe rumaza kwigizwa inyuma inshiro nyinshi.

Bwana Kenyatta ahakana gutegura ubwicanyi bufatiye ku moko, bwakurikiye amatora y'umukuru w'igihugu mu 2007.

Abantu igihumbi n'amajana abiri barishwe abandi ibihumbi amajana atandatu bateshwa izabo.

Mu ndwi zibiri ziheze, abacamanza bigije inyuma urubanza rwiwe ikiringo kitazwi, bavuga ko badafise ibimenyetso bikwiye bitewe n'uko leta ya Kenya ibananiza.

Umukuru w'igihugu Kenyatta aramaze kuvuga akatari gake ko akeneye kuguma muri Kenya kugira ahangane n'abarwanyi b'umugwi wa ki Islam, Al Shabab, hamwe n'ibindi bibazo bihanze igihugu.