Abari imbohe za Islamic State babohojwe

Abari bagizwe imbohe na IS barekuwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abari bagizwe imbohe na IS barekuwe

Abantu isinzi bitwaje amabendera ku murwa mukuru wa Turkiya, Ankara, bakiriye abari bagizwe imbohe n'abarwanyi muri Irake.

Abo bantu bashika ku mirongo itanu, barekuwe haciye amezi atatu, bakaba bari bafashwe n'abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bwa Irake.

Bafatiwe ku biro biserukiye Turkiya mu muji wa Mosul mu kwezi kwa gatandatu, igihe uwo muji wafatwa na Islamic State.

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Ahmet Davutoglu, yavuze ko barekuwe mu gikorwa c'umugwi wa Turkiya ujejwe igendereza, ariko nta vyinshi yabivuzeko.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko ikibazo c'izo mbohe arico kintu nyamukuru catuma Turkiya itifatanya na Amerika mu kugaba ibitero kuri Islamic State.