Urugendo rwo kurwana ku bidukikije

Uruzuba n'amaseganya bishobora kubangamira isi ata gihindutse Uwufise ububasha kw’isanamu burmese llks
Image caption Uruzuba n'amaseganya bishobora kubangamira isi ata gihindutse

Ibihumbi vy'abantu hirya no hino mu gihugu ca Australia, bagize ingendo zo gusaba ko hagira icokorwa vuba ku kibazo c'ihindagurika ry'ikirere.

Abari muri iyo myiyerakano bavuga ko bafise ubwoba bw'uko igihugu cabo kizobamwo uruzuba rw'ikirenga, imiriro ya nyakanga hamwe n'amasegenya nihatagabanywa ivyuka biva mu bikorwa vya minsi yose vy'abantu.

Izo ngendo ziri mu rwego rw'ibikorwa vyateguwe kw'isi yose bisozererwa i New York, aho abiyerekana baza gufatwa mu mugongo n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon.

Haraba kandi hari na barurangiranwa benshi, abagwizatunga hamwe n'abaharanira kurengera ibidukikije.

Ingendo hamwe n'imyiyerekano birabera kandi ku mugabane wa Buraya.