Umunsi ugira 3 w'umukwabu wa ebola muri Sierra Leone

Abapfuba abahitanywe na ebola batewe n'urwaruka Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abapfuba abahitanywe na ebola batewe n'urwaruka

Muri Sierra Leone bari ku munsi ugira gatatu ari nawo wanyuma w'umukwabu mu kugerageza gukumira ebola.

Hari amakuru avuga ko bamwe mu bakora mu vy'amagara babwiye abatuye umurwa mukuru Freetown ngo bave mu ngo zabo baze kwumviriza ubutumwa bujanye na eboka.

Ivyo ariko bihushanye n'intumbero nyamukuru yatumye hashirwako uwo mukwabu w'iminsi itatu.

Urwaruka rwatwawe n'agashavu rwateye umugwi w'abajejwe gupfuba abahitanywe na ebola, rukavuga ko rutinya ko uwo mugwi woba ariwo uriko urakwiza hose ebola.

Abajejwe intwaro baciye bavuga ko guhera ubu, imigwi upfuba abahitanywe na ebola izoja iraherekezwa n'abapolisi.