Rwanda:Umuryango wa Byabagamba watawe muri yompi

Uwufise ububasha kw’isanamu Family
Image caption Umuryango wa Paul Manzi Byabagamba

Paul Manzi Byabagamba, avukana na colonel Tom Byabagamba, yahoze ayobora ingabo zicungera umutekano wa perezida Paul Kagame.

Tom Byabagamba, yatawe muri yompi mu kwezi guheze, kimwe na muramuwe, geneal Frank Rusagara.

Nk'uko bivugwa n'uwundi bavukana, David Himbara, ubwiwe yahoze ari umujanama wa perezida Paul Kagame, ubu aba muri Canada, ngo yamenye ko umuryango wa murumunawe, Paul Manzi Byabagamba, watawe muri yompi, kubera umugore wa Paul Byabagamba yashoboye gutelefona incuti yiwe iba mu Bwongereza.

David Himbara, atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa perezida Paul Kagame, vuga ko murumunawe Paul, yazize ko yagiye kuraba umuvukanyi wiwe Tom, igihe yari mu rubanza.