Ibiganiro kw'ihindagurika ry'ibihe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abaharanira ibidukikije berekana ko batabariza isi

Mw'ijambo yashikirije iNew York, aho yugurura icese inama y'ibihugu kuri ico kibazo c'ihindagurira ry'ibihe, bwana Ban yateye akamo amakungu ngo yihe intego nshasha.

Yavuze ko Ingaruka z'ibikorwa vya kiremwa muntu kw'ihindagurika ry'ibihe zitera ziyongera kandi ariko zikomeza kugora kwirengera.

Ishirahamwe mpuzamakungu ari naryo ryatumyeko iyo nama, ryizeye ko iyo nama izotuma abategetsi b'ibihugu bashika ku mwumvikano wo kugabanya imyuka yonona igisenge gikingira ikirere.

Ariko abategetsi b'ibihugu bibiri birusha ibindi kw'isi mu kurekura iyo myuka yonona ikirere, arivyo Ubushinwa n'Ubuhinde, ntibitabiriye iyo nama.

Perezida w' Ubufaransa, Francois Hollande, yemeye gutanga miliyaridi mu kigega "Global Fund", kugira gifashe ibihugu bikenye guhangana n'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe.