Sierra Leone yugaye imipaka kubera Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Icapa cerekana ibimenyetso vya Ebola mu muji wa Freetown

Ingabo zarundanirijwe ku vyambu vyose bijabuka hagati y'ivyo bihugu.

Kare, perezida wa Sierra Leone, Ernest Bai Koroma, yavuze ko igihugu ciwe kiriko ciyumvira gufata iyindi minsi itatu y'umukwabu mu gihugu cose.

Ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura no kurinda impanuka, kivuga ko bitagenze neza, abafashwe na Ebola aho mu burengero bwa Afrika bashobora kurenga miliyoni.

Ariko ngo amakungu ahagurutse agafasha, ibi bitigiri bishobora kugabanuka.