Ubushinwa burerwa gukora ibikoresho vyo kwica urubozo

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibikoreshwa mu kwica urubozo

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International, rivuga ko amashirahamwe agera ku 130, arimwo aya leta, akora ben'ivyo bikoresho.

Ivyo bikoresho birimwo imihini ishinzemwo imisumari, amapingu azirika inkumu, n'intebe ziriko ivyuma vyo kuzirika mw'izosi.

Amnesty International ivuga ko bimwe muri ivyo bikoresho vyoshoboye kwifashishwa mu bikorwa vy'igipolisi bisanzwe.

Ariko ngo usanga vyinshi bikoreshwa mu ntumbero yo kubaba abantu ata kindi.

Amnesty International ivuga ko ibihugu biri inyuma mu kubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu muri Afrika no mu bumanuko bwa Aziya, ari vyo biri imbere mu kugura ivyo bikoresho vyo kwica urubozo.