Baburiye rimwe, ibiziga vyabo bitorwa kubiri

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Congo (FARDC)

Bulamatari Julien Palukuru avuga ko, abo basirikare batowe ibiziga, bari babuze igihe igisirikare ca Congo gikozanijeko n'ingabo z'Urwanda, mu gace ka Kanyesheja, mu ntango z'ukwezi kwa gatandatu.

Ibiziga vy'izo ntwazangabo, capitaine Ngindi Toto, yari ajejwe iperereza, na lieutenant John Towa, yari ajejwe kuyobora ibikorwa vya gisirikare, vyatowe hamwe, ariko mu bihe bitandukanye.

Ikiziga ca mbere catowe italiki 12 z'uku kwezi kw'icenda, nayo ica kabiri gitorwa inyuma y'iminsi ibiri ica mbere kibonetse, ariko muri ico kibanza nyene.

Bulamatari Paluku, avuga ko aho hantu ivyo biziga vyatowe, hari hasanzwe hagenderwa na mbere, ariko ata wari yigeze abibona.

Avuga ko hatanguye iperereza, mu ntumbero yo gutahura uburyo vyaragenze, ngo abo basirikare bari bamaze igihe baraburiwe irengero kuva ico gihe c'intambara, baze gutorwa giturumbuka, ari ibiziga vyamaze gusandara.

Bulamatari Julien Paluku, avuga ko igiteye amakenga kandi cabatangaje, ari uko ivyo biziga vyatowe iminsi itandukanye kandi mu kibanza kimwe, kandi bigatorwa ahantu hari hasanzwe hagenderwa, ndetse harondewe igihe abo basirikare babura irengero.

Ku kibazo c'uko vyoba bigaragara ko bapfuye igihe kimwe, bwana Paluku, avuga ko ivyo bizomenyekana abahinga bariko bakora iperereza bamaze kurirangiza.

Bulamatari Julien Paluku, yabwiye BBC ko hari n'uwundi munyagihugu, asanzwe ari muri societe civile, nawe yabuze igihe kimwe n'abo basirikare, kugeza ubu umuryango wiwe ukaba utazi iyambu yiwe.

Bwana Paluku avuga ko hari ubwoba ko nawe mu minsi iri imbere bashobora kuja bamubona ikiziga nk'abo basirikare.