Igipolisi ca Bulaya mu ruhigi rw'inkozi z'ibibi

Image caption Ikirangantego ca EUROPOL

EUROPOL yatumbereye cane cane amashirahamwe arimwo inkozi z'ikibi zikora mu bucuruzi bw'abantu, urumogi n'ubundi bucuruzi butemewe n'amategeko.

Abantu 200 barimwo abana 30, bakuwe mu vyara vy'imirwi ikora ubucuruzi bw'abantu.

Hari kandi n'urumogi rwinshi rwafashwe.

Europol ivuga ko abapolisi bo mu bihugu vyose bigize Ubumwe bwa Bulaya n'ibindi bihugu bitandatu, bagize uruhara muri ico gikorwa.