Ingabo za Syria zagaruje umuji wa Adra

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibitero vyagabwe kuri IS vyasambuye amahinguriro y'ibitoro

Igisirikare ca Syria gitangaza ko cagaruye umutekano muri uwo muji, wari usanzwe uri mu minwe y'abarwanya leta.

Mu kandi karere ko hafi y'urubibe na Turkiya, mu buraruko bwa Syria, ingabo z'aba Kurdes bivugwa ko zigijeyo abarwanyi ba "Islamic State" bariko basugereza umuji wa Kobani.

Ibitero biheruka vy'urunani rw'ibihugu ruyobowe na Leta zunze Ubumwe za Amerika kuri abo barwanyi ba Islamic State, vyibanze cane cane mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria.

Ibiro bikuru vy'igisirikare ca Leta zunze ubumwe za Amerika, bitangaza ko amahinguriro mato mato y'ibitoro agera kuri 12, yasambutse.