Ebola ikomeje kugarana abanya Sierra Leone

Image caption Sierra Leone iri mu bihugu vyugarijwe na Ebola

Uturere dutanu kuri cumi na tune tugize ico gihugu ca Sierra Leone, ahaba 1/3 c'abanyagihugu, turamaze guharirwa ivomo, kubera gutinya gukwiragiza Ebola.

Ivyo bikwirikiye umukwabu w'iminsi itatu wari wafashwe mu gihugu cose, warangiye kuw'Imana.

Perezida Ernest Bai Koroma, yavuze ko kubuza abantu kugendera utwo turere, bizotera ingorane zitoroshe, ariko gukingira ubuzima bw'igihugu ngo nivyo biza imbere.

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu OMS, rimenyesha ko abantu bagera ku 3000 bamaze guhitanwa na Ebola mu burengero bwa Afrika.

Rivuga ko muri Guinee ata bashasha bagifatwa ari benshi, ibintu bisa n'ibiriko birasubira mu buryo, n'ubwo naho hagiteye umwitwarariko.