Ubufaransa bushaka kugabanya itabi

Image caption Itabi rikiri mu murima

Ingingo z'uyo mugambi zirimwo gukoresha ipaki iteye kumwe mu bwoko bwose bw'amatabi, kandi ataco yanditseko.

Izo ngingo zifise intumbero yo kugabanya igitigiri c'abakiri bato bahurumbira kunywa agatabi ngaho mu Bufaransa.

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu Marisol Touraine, ashaka kugera ikirenge mu ca Australia, igihugu catanguye ingingo nk'izo mu 2012.

Abahinga bavuga ko gukura ivyamamaza itabi ku mapaki yaryo, no gutanga impanuro nyinshi ku ngaruka itabi rigira ku magara y'abantu, vyagabanije igitigiri c'abarinywa muri Australia.

Ariko amashirahamwe y'itabi amwe amwe ibi ntavyemera, akavuga ko umugambi w'Ubufaransa udasobanutse.

Kunywa itabi niyo mpamvu ya mbere ituma abantu bapfa mu Bufaransa, aho ingwara zifatira ku ngaruka z'itabi zihitana abarenga 70 000 buri mwaka.